• Immo Great Lakes


    Bujumbura
    best and fast services

    Fondée à Bujumbura en Aout 2011, l’agence immobilière Immo Great Lakes est l'une des principales agences immobilières à Bujumbura

    Learn more »
  • Immo Great Lakes


    Bujumbura
    best and fast services

    Fondée à Bujumbura en Aout 2011, l’agence immobilière Immo Great Lakes est l'une des principales agences immobilières à Bujumbura

    Learn more »
  • Immo Great Lakes


    offer you services of technology

    Shalom High Tech vous apporte des solutions informatiques aussi bien dans le software que dans le hardware. Contact : 79 51 55 55/75 886 886 Shalom high tech brings you computer solutions in both software and hardware. Contact: 79 51 55 55/75 886

    Learn more »

CECAFA U17: Umugwi mukuru utegura ihiganwa wafatiye ibihano Zanzibar na Ethiopia uca uhindura n’ikirangamisi

Ihiganwa rya CECAFA ririko rihuza imigwi nserukirabihugu y’abana badashikana imyaka 17 bo mu bihugu vy’Uburundi, Ouganda, Kenya, Soudan, Zanzibar, Tanzania, Somalia na Ethiopia ryaraye ritanguye kur’uyu wa 14 ndamukiza. Urukino ruryugurura rwabereye i Muyinga aho Uburundi bwatsinzwe na Kenya ibitsindo 4 vyose ku 0.Kur’uyu w’Imana niho hakinwa izindi nkino 3 zari zisigaye mu matsinda A na B, 2 mur’izo zikaba zatumye imigwi ya Zanzibar na Ethiopia ifatirwa ibihano ahanini bivanye n’imyaka y’abakinyi.

Mw’itsinda A risanzwe ririmwo Uburundi, Kenya, Ethiopia na Somalia, umugwi wa Ethiopia wakinye na Somalia ku kibuga Urukundo c’I Ngozi urukino rurangira Ethiopia ufise 3-1. 

Mw’itsinda B hari hategekanijwe inkino zibiri: Tanzania – Ouganda i Muyinga rwarangiye inganije 1-1 hamwe n’urukino hagati ya Zanzibar na Soudan rwari rutegekanijwe ku kibuga c’i Gitega. Urwo rukino hagati ya Zanzibar na Soudan ntirwashoboye kuba kuko hasigaye iminota idashika 10 ngo rutangure abajejwe gusuzuma imyaka baciye bamenyesha ko umugwi wa Zanzibar ufise abakinyi batari bake bavutse imbere y’itariki yemewe n’amategeko y’ihiganwa (1/01/2002), urukino ruca rurasiba.